Uko wahagera

Muri Gineya Bakomeje Kwiyamiriza Manda ya Gatatu ya Alpha Condé


Abanyagihugu bari mu myiyerekano biyamiriza utwigoro twa Perezida Alpha Condé tw'ikiringo ca gatatu muri Conakry, Guinea. Isanamu yafashwe itariki 24/10/2019.

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu muri Gineya bazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Alpha Condé.

Urunani FNDC (Front national pour la défense de la constitution), ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, amashirahamwe yigenga n’amasindika rwongeye guhamagaza iyo myiyerekano ruvuga ko rubwirizwa kuburizamwo umugambi wa Perezida Alpha Condé wo gushaka “kuguma ku butegetsi ubuzima bwiwe bwose.”

Muri iyo myiyerekano abayikoze basavye ko zimwe mu ndongozi z’urunani FNDC zatawe muri yompi zigacibwa umunyororo uri hagati y’amezi atandatu n’umwaka zirekurwa. Basavye kandi ababa mu bindi bice vy’igihugu atari ku murwa mukuru Conakry gutangura nabo imyiyerekano.

Abiyerekanye bari bambaye impuzu z’amabara atukura. Ni ibara batoye nk’ikimenyesto c’amaraso ya bagenzi babo cumi bishwe mu ndwi iheze bariko bariyerekana.

Perezida Alpha Condé ari ku butegetsi kuva mu 2010 yagirizwa ko ashaka guhindura ibwirizwa nshingiro mu ntumbero yo kurivanamwo ingingo zimubuza kwitoreza manda ya gatatu mu 2020. Itegeko nshingiro ryo muri Gineya uko riri ritomora ko ata mukuru w’igihugu yemerewe kurenza manda zibiri z’imyaka itanu itanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG