Uko wahagera

Muri Etiyopiya Amazi n'Ibiribwa Byabaye Ingume mu Ntara ya Tigreya


Umunyatigreyakazi avuye gushaka amazi

Ibifungurwa n'amazi biriko birarangira mu makambi y'impunzi mu ntara ya Tigreya nkuko bitangazwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Impunzi zikomoka muri Eritreya 24 000 zifatiwe mu makambi 2 mu ntara ya Tigreya mu gihugu ca Etiyopiya. Ntizishobora kuronka imfashanyo mu gihe ibifungurwa zihabwa bishobora kuba vyarangiye.

Ishami ry’ishirahamwe ONU ryitaho impunzi, HCR, ritangaza ko inzara ishobora kwaduka muri ayo makambi hamwe impunzi zitoronswa imfashanyo. HCR yasavye ko amashirahamwe atanga imfashanyo yorekurirwa gushikira amakambi ya Mai Aini na Adi Harush.

Umuvugizi w’ishirahamwe HCR, Babar Baloch, yatangaje ko ubwa nyuma imfashanyo yatanzwe muri ayo makambi 2 hari mu kwezi kwa gatandatu. Iyo mfashanyo yari ihagije mu kiringo c’iminsi 30 gusa.

David Beasley ayoboye ishami ry’ishirahamwe ONU ritanga ibifungurwa, PAM, yatangaje ko ibifungurwa rifise bigenewe intara ya Tigre bizorangira ku musi wa gatanu. Amenyesha ko amakamyo 170 atwaye ibifungurwa n’izindi mfashanyo adashobora kubashikira muri iki gihe.

Umuvugizi w’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, Fadela Chaib, yatangaje ko servisi z’ubuvuzi mu ntara ya Tigreya zidakwiriye na gato. Ivyo vyatumye abantu amajana n’amajana harimwo abakomeretse badashobora kuronka servisi ngenderwako. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG