Uko wahagera

Mu gihugu ca Senegal, Imyiyerekano Irabandanya, Mur’iki Gihe Amatora y’Umukuru w’Igihugu, yegereje


Mu gihugu ca Senegal, Imyiyerekano Irabandanya, Mur’iki Gihe Amatora y’Umukuru w’Igihugu, yegereje
Mu gihugu ca Senegal, Imyiyerekano Irabandanya, Mur’iki Gihe Amatora y’Umukuru w’Igihugu, yegereje

Abatavuga rumwe na reta, barateye akamo gasaba iyindi myiyerekano ku murwa mukuru Dakar, inyuma y’imyiyerekano imaze imisi itanu itavanako, yo kwiyamiriza amatora ategekanijwe ku musi wa mungu.

Bavugako bashaka ko president Abdoulaye Wade, aheba umugambi wiwe wo kwitoza mu kiringo kigira gatatu, ngo kuko ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’2001, ritamuha uburenganzira bwo kurenza ibiringo bibiri.

Sentare nkuru yo mu gihugu ca Senegal yarashikirije ingingo mu kwezi guheze, ivuga kw’ikiringo ca mbere umushingantahe Wade yatwaye, kitarabwa n’itegeko rishasha ryo mw’ibwirizwa shingiro rivuga kw’ata mupresident arenza ibiringo bibiri, ngo kuko president Wade mur’iki gihe afise imyaka 85, yar’asanzwe ari ku butegetsi, igihe iryo tegeko, ryashirwa mu ngiro.

Iyo ngingo yaciye ituma hatangura imyiyerekano yagumye ikomera mu gihugu cose; mu mpera z’indwi iheze, iyo myiyerekano, ikaba yahitanye ubuzima bw’abantu babiri.

Ku murwa mukuru Dakar, abasore hamwe n’inkumi, ku musi wa gatandtu barateye amabuye abapolisi, bariko babasukamwo imyuka ihumya amaso, bongera babarasa insoro zitica.

Umwe bariko baragira imyiyerekanio yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika, ati: Bareke batwice; ati turafise umwizero n’ugushaka bikomeye, kandi turizigiye imana. Ati ikintu co nyene kituraje ishinga, n’uko Wade atanga imihoho.

Iyindi migumuko yarabaye kandi ejo ku musi wa mungu mw’ijoro, aho abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano, baturiye amapine y’imodoka bakongera bakazibira amabarabara makuru, bakanatera amabuye imodoko zirengana.

Mur’iki gihe hasigaye imisi itandantu ngo ayo matora abe, nta n’umwe mu bandi banyapolitike 13 batavuga rumwe na reta, bariko baritoza, araja imbere y’abandi mu majwi.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe ECOWAS, yaratumye intumwa mu gihugu ca Senegal, zigiye guhanura kugira ngo urwo ruhagarara rugabanuke, maze n’ubwicanyi burangire

.

XS
SM
MD
LG