Mu Burundi habonetse urunani rwa politiki rushasha. Urwo runani « Kira Burundi » ruhurikiyemwo imigambwe ine irangajwe imbere na RANAC, rwavutse kuri uno wa kane kugira ruzoje mu matora yimirije uyu mwaka.
Aloys Baricako anarongoye umugambwe RANAC aho yashikana urwandiko rwemeza ko bashinze urunani ruzobashikana mu matora mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yavuze ko iyo migambwe ine yagiye hamwe kugira izotware inguvu mu matora.
Baricako yasiguye ko n’aho batanze dosiye y’imigambwe ine, imiryango yuguruye ku yindi migambwe ivyipfuza. Umukandida azoserukira urwo runani mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa gatanu nkuko Baricako abisigura yaramaze kuboneka, ariko igihe co gutangazwa ntikiragera.
Urunani "Kira Burundi" rugizwe n’imigambwe ine ari yo CDP, RANAC, FDS na PAJUDE.
Facebook Forum