Uko wahagera

Angela Merkel Asaba Aba isilamukazi Kwipfukura Mu Maso


Umu isilamukazi mu mwambaro w'idini
Umu isilamukazi mu mwambaro w'idini

Chanceliere Angela Merkel w’Ubudagi amenyesha ko agiye kubuza abakenyezi bayoboka idini rya Kisilamu kwambara bitwikiriye mu maso, mu ntumbero yo guhagarika imico ishobora gukura ibangabanganwa aho m’Ubudagi.

Merkel aheruka gutorwa m’umugambwe akomokamwo w’abakristu b’aba demokrate, kugira arongore ikindi kiringo, yatangaje mu nama y’uwo mugambwe, kur’uyu wa kabiri ko iyo nyambaro idakwiye kwemegwa mu bibanza vyemewe n’amategeko, nk’amashure, ama sentare n’ibindi bibanza bihurigwamwo n’abantu benshi.

Merkel avuga ko muri rusangi abantu bategerezwa kuganira babonana mu maso. Ni mugihe atawuzi nimba ibwirizwa shingiro ry’Ubudagi ryemera gukuraho iyo nyambaro. Yamara Angela Merkel, arongoye Ubudagi avuga ko arivya ngombwa kumenyereza abimukira bashasha, harimwo no guhindura iyo nyambaro.

XS
SM
MD
LG