Imvura y’isegenya yavuye ku gihuhusi simusiga ciswe Kenneth kibaye ica kabiri gisinzikaje igihugu ca Mozambique mu kiringo kiri munsi y'amezi abiri uyu munsi ku wa mbere yabandanije mu gisagara ca Pemba kiri mu buraruko bushira ubuseruko hamwe no mu bindi bisagara.
Iyo mvura yateye iyindi myuzure yasambuye ibitari bike. Amakuru ava muri Mozambique avuga ko abantu bashika ku bihumbi 160 ari bo bageramiwe, bikaba vyitezwe ko hazogwa iyindi mvura y’isegenya mu misi iri imbere.
Bitegekanijwe ko indege za kajugujugu hamwe n’ubwato bihava bitwara imfashanyo z’abanyagihugu mu gisagara ca Ibo, igihe iyo mvura n’uyo muyaga bizoba bimaze guturura.
Muri iki gihe amazi ya rusumo n’ikibazo gihambaye cane kuko amariba yose yatewe n’ imivo. Ivyo rero ngo birashobora gutuma ikiza ca Kolera hamwe n’ingwara ya malaria bisubira kwaduka.
Facebook Forum