Uko wahagera

Mozambique: Abarwanyi Bigaruriye Igisagara ca Mocimboa da Praia


Intagondwa z’abayislamu zitwaje ibirwanisho zimaze imyaka ibiri n’igice zigira iterabwoba mu buraruko mw’igihugu ca Mozambike zateye zongera zirafata igice c’igisagara ca Mocimboa da Praia uno musi kuwa mbere.

Igipolisi ca Mozambique catangaje iyo nkuru, civuga ko izo ntagondwa ziyadukije mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2017 mu gufata igisagara ca Macimboa da Praia. Kuva ico gihe izo ntagondwa z’abayislamu zarongeje ibitero vyazo vyihaye inkumbi ku banyagihugu no ku nteko zijejwe umutekano mu ntara yose ya Cabo Delgado igizwe ahanini n’abayislamu.

Ku bwo amashirahamwe ategamiye Reta n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubwicanyi bw’izo ntagondwa bwahitanye abantu barenga 700, barimwo abasivile n’abasirikare. Abandi bantu bagera ku 100000 baravuye mu zabo.

Reta ya Prezida Filipe Nyusi yatangaje incuro zitari nke ko izozimanganya izo nkozi z’ikibi. Ikaba yarungitse abasirikare benshi muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG