Uko wahagera

Mozambike: Abavanywe mu Byabo muri Cabo Delgado Batangiye Gutahuka


Abanyamozambike bagarutse mu bice bahunze mu ntara ya Cabo Delgado mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mozambike aho kazoza kabo kadatomoye inyuma yuko intadongwa z'abayislamu zitujijwe muri ivyo bice.

Umuvugizi w’igisirikare c’u Rwanda Ronald Rwivanga yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko baza bamaze gutahukana abantu 25,000. Amenyesha ko ata bibazo bihari vy’umutekano wabo.

Mu kwezi kw’indwi, inteko z’u Rwanda n’inteko za Mozambike zarinjiye mu ntara ya Cabo Delgado zirigarurira ibice vy’iyo ntara itunze amatungo akomeye yo musi y’ubutaka.

Reta ya Mozambike ivuga ko abarwanyi b’abayislamu bariko barayanyaga. Abategetsi bo mu ntara ya Cabo Delgado bakaba basavye abasivile kugaruka muri iyo ntara.

Yamara abategetsi b’ishirahamwe ONU si ko babibona. Batangaza ko bitagaragara ko ububasha bwabo bwagabanijwe bikomeye. Bemenyesha ko ugutana mu mitwe kubandanya mu bice bimwe bimwe.

Uretse inteko z’u Rwanda, inteko z’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC mu mpfunyapfunyo, nazo nyene ziriko zigenzura muri iki gihe akarere ka Cabo Delgado. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG