Mohammed Morsi yigeze kuba Prezida wa Misiri yitavye Imana kuri uno wa mbere. Amakuru ava muri Misiri ntarashobora gutomora icahitanye Morsi w’imyaka 67.
Gusa, itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ryatangaje ko Morsi yarabiye muri sentare aho yariko aburana ku vyaha vyo gusuma urusaku yagirizwa na Reta ihari.
AFP ivuga ko Morsi yaravye inyuma y’iminota 20 yamaze yisigura muri sentare hanyuma bamumyarukana kwa muganga ari naho yasandabiye. Ayo amkuru AFP ivuga ko iyakesha umwe mu bategetsi b’ubutungane bwa Misiri.
Mohammed Morsi yagiye ku butegetsi mu 2012 inyuma y’imyiyerekano y’urutavanako yeguje uwo yasubiririye ariwe Hosni Moubarak.
Morsi ni we mu sivile wa mbere yabaye prezida wa Misiri biciye mu ma tora ya demokarasi. Ntiyaramye ku butegetsi naho biri uko kuko nawe yahavuye yeguzwa n’abasirikare inyuma y’umwaka umwe gusa agiye ku butegetsi.
Iyeguzwa rya Nyakwigendera ryakurikiwe n’imyiyrekano yatumye haseseka amaraso ya benshi,
Mohammed Morsi mu vyo yagirizwa harimwo ugusumira urusaku Irani, Qatar. Yagirizwa kandi n’ubutegetsi bwa Abdel Fattah al-Sissi, yahoze ari umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi kurema imirwi y’iterabwoba.
Facebook Forum