Uko wahagera

Moderna Yagirizwa Kwirengagiza Ibihugu Bikenye mu Gutanga Incanco


Ahakorera Sosiyete ya Moderna
Ahakorera Sosiyete ya Moderna

Ikinyamakuru The New York Times candikira muri Amerika cagirije Sosiyete ya Moderna ikora incanco za Covid-19 kurungika incanco zayo mu bihugu nka vyose bitunze, ikirengagiza ibikenye mu gihe iba iriko yegeranya ama biriyoni y’inyungu.

The New York Times yavuze ko ivyagiriji vyayo bishingiye ku makuru yavanye mw’ishirahamwe ryitwa, Airfinity, rikurikirana ku mwanya ku mwanya ibihugu birungikwamo incanco.

Ku bw’ico kinyamakuru, Sosiyete ya Moderna imaze kurungika doze zababa ku muriyoni umwe gusa mu bihugu bikenye, mu gihe iya Pfizer yo yarungitse imiriyoni 8 n’ibihumbi 400, Johnson and Johnson nayo irungika izababa imiriyoni 25.

Hambavu y’ibi, The Times, yemeza ko ifise amakuru y’uko ibihugu bitaratera imbere bigura incanco za Moderna amafaranga menshi ugereranije n’ayo ibihugu birimwo Amerika n’ibindi vyo ku mugabane wa Buraya bigura izo ncanco. The New York Times ivuga ko incanco za Moderna “zikinga neza ubwandu bwa Virusi ya Corona gusumba incanco z’ayandi ma sosiyete”.

Hagati aho, mu Butariyano abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bihaye amabarabara biyamiriza ingingo isaba abakozi bose baba aba Reta canke abikorera ivyabo, kubwirizwa kwerekana ko bacandazwe. Ni ingingo izotangura gushirwa mu ngiro igenekerezo rya 15 uku kwezi. Abakozi n’abakoresha bose batazokwubahiriza ino ngingo bazobihanirwa.

Kaminuza ya Johns Hopkins ifise icicaro mu gisagara ca Baltimore co muri Reta ya Maryland aha muri Amerika ivuga ko kw’isi yose abanduye Virusi ya Corona bageze ku miriyoni 237, abo imaze guhitana bababa imiriyoni 5, incanco zimaze gutangwa akaba ari biriyoni 6 na miriyoni 400.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG