Uko wahagera

Misiri Yugaye Umupaka Uhuza ico Gihugu na Gaza


Bamwe mu Banyepalestina ku mupaka wa Rafah
Bamwe mu Banyepalestina ku mupaka wa Rafah

Misiri yugaye umupaka iwuhuza na Gaza. Abategetsi ba Misiri batangaje ano makuru bavuga ko umupaka wa Rafah wugawe mu rukurikirane rw’utwigoro two kugarukana icuka ciza hagati ya Isirayeri na Hamas.

Hari ariko urundi ruhande ruvuga ko icatumye Misiri yugara uwo mupaka, harimwo ukotsa igitutu abarwanyi ba Hamas bivuye ku vyo batumvikanako na Misiri mu biganiro na Isirayeri hamwe no kwumvikanisha impande zitandukanye muri Palestina. Abategetsi bose ba Misiri batanze ano makuru basavye ko amazina yabo adatangazwa. Ntibigeze kandi bavuga ryari bibaza uwu mupaka uzosubira kuba nyabagendwa.

Ku ruhande rwa Hamas, bavuze ko amakuru y’iyugarwa ry’umupaka wa Rafah bayamenye kandi ko baza bamaze gutangura kuvugana na Misiri kugira bayisabe gusubira ku wugurura.

Misiri haraheze imyaka igerageza kwumvikanisha Isirayeri na Hamas. Umukuru ajejwe iperereza muri Misiri mu ndwi iheze, yakoze urugendo rutamenyerewe muri Isirayeri aho yari agiye kuvugana n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Naftali Bennett, ingene hoboneka agahengwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG