Uko wahagera

Misiri Yirukanye Abanyesudani Bariko Bagerageza Kuja Iburaya


Igihugu ca Misiri cirukanye abimukira b’Abanyasudani 33 bariko bagerageza gushika mu gihugu ca Libiya kugira baje mu karere k’i Bulaya.

Abategetsi bo ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Cairo, batangaje uno musi ku wa gatanu ko abo Banyasudani bahagaritswe mu ntango z’uku kwezi mu gisagara ca Masra Matruh kiri mu burengero bw’igihugu. Abo Banyasudani bari kumwe n’Abanyamisiri batari bake n’abandi Banyafrika.

Abo bimukira bavurwa ko bari bafise umugambi w’ugufata ubwato buroba ku kivuko ca Zuwarah mu gihugu ca Libiya kugira baje mu gihugu c’Ubutaliyano.

Igihugu ca Libiya niyo nzira ikomeye abimukira b’abanyafrika n’impunzi bacamwo kugira bagerageze gushikira akarere k’i Bulaya.

Ibihumbi n’ibihumbi muribo baratakaza ubuzima bwabo mu gihe baba bariko bagerageza kaujabuka ibahari Meriterane. Mu gihe abandi batabwa mu mvuto muri Libiya aho bakubagurwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG