Uko wahagera

Misiri Yarungitse Ibikoresho vyo Kwubaka Ivyasambutse mu Ntara ya Gaza


Ibikoresho vyo kwubaka Misiri yarungitsemu ntara ya Gaza
Ibikoresho vyo kwubaka Misiri yarungitsemu ntara ya Gaza

Televiziyo ya reta ya Misiri yatangaje ko kurungika abahinga n’ibikoresho vy’ubwubatsi bikozwe mu ntumbero yo gutangura igikorwa co gusubira kwubaka ivyononekaye muri iyo ntara inyuma y’ingwano iherutse kwaduka hagati ya Isirayeli n’Abanyapalestina.

Ibimashini bikoreshwa mu kwubaka hamwe n’amakamyo biriko amabendera ya Misiri vyakoraniye ku rubibe n’intara ya Gaza kugira bitangure kwinjira. Abanyapalestina bakoraniye kw’ibarabara ku ruhande rwa Gaza kugira bakire ivyo bikoresho igihe vyariko birinjizwa muri iyo ntara.

Umwe mu bategetsi b’Abanyapalestina ari ku rubibe hagati ya Misiri na Gaza yatangaje ko imodoka 50 zajabutse urubibe.

Mahmoud Ismail, umwe mu badereva b’amakamyo b’Abanyamisiri yatangaje ko bihutiye gutanga amafranga, ibikoreshso hamwe n’ivyo batunze kugira bifatanye n’Abanyapalestina mu gikorwa co gusubira kwubaka ivyasambuwe n’ingwano.

Igihugu ca Misiri caragize uruhara rukomeye mu gufasha gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeli n’Abanyapalestina.

Umuvugizi w’umurwi Hamas, Hazem Qassem, yasubiye gushimira uno musi ku wa gatanu intererano y’igihugu ca Misiri mu gikorwa co gusubira kwubaka ivyasambuwe n’ingwano muri Gaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG