Uko wahagera

Michelle Obama Vuba Aratanguza Ikiganiro Gishasha kuri Podcast


Michelle Obama, umukenyezi wa Perezida Barack Obama yahoze atwara Amerika yatanguje ikiganiro gishasha azocisha ku rubuga rwa podcast. Kizokwitwa "The Michelle Obama Podcast".

Amenyekanisha ivy’ico kiganiro ciwe gishasha ku rubuga rwa Twitter, Michelle yagize ati : “ Ndanyotewe ibiganiro nzoza ndagirana ahanini n’incuti zanje, abaryango, abo twahoze dukorana, n’abandi. Uwambere muzokwumva muri ico kiganiro canje ni Barack Obama.”

Ico kiganiro kizoza kirakira umutumire umwe atarenga kizotangura igenekerezo rya 29 k’uno kwezi. Abenshi biteze ko Michelle n’umugabo wiwe mu kiganiro kizokugururira ibindi bazoyaga ku bibazo bihangayikishije isi muri vyo harimwo ikiza ca Virusi ya Corona. Urubuga Variety ruzi igice c’ibizokivugigwamwo rwemeje ko bazonayaga ku cuka kiri muri Amerika inyuma y’urupfu rw’umwirabure George Floyd, yashengeye ari mu minwe y'umupolisi yera yamufukamyeko akabura umwuka.

Michelle Obama afatwa nk’umwe mu bapfasoni bakunzwe cane kw’isi no muri Amerika. Igitabo ciwe ca nyuma yise “Becoming” kikagaruka ku buzima bwiwe, kimaze kugurisha kopi hafi imiliyoni 12.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG