Uko wahagera

Mfumukeko Yagirizwa Gusesagura Ubutunzi bwa EAC Naho we Abihakana


Liberat Mfumukeko Umunyamabanga mukuru wa EAC
Liberat Mfumukeko Umunyamabanga mukuru wa EAC

Inama nshingamateka y'akarere ka Afrika y'ubuseruko isabira ibihano umunyamabanga mukuru w'uwo muryango kubera ubunyonyezi bw'amafaranga hafi imiliyoni zitatu z'amadolari ya Amerika yagirizwa.

Ambassaderi Liberat Mfumukeko ukomoka mu Burundi arabihakana akavuga ko ayo mafaranga yakoreshejwe mu mishinga y'uwo muryango.

Abagenzuzi b’ubutunzi babwiye abashingamateka ko igice c'ayo mafaranga yaguzwe ibintu bitigeze vyinjira mu bubiko kandi bitanagaragara neza inzira vyaguzwemwo mu gihe ikindi gice bitaboneka ico cakoze, bakemeza ko yanyurujwe.

Raporo y'abo bagenzuzi yerekana ingene ubutunzi bwa EAC bwakoze kuva mu kwezi kwa gatandatu umwaka w'2017 ivuga ko hari n’ubundi bunyonyezi hamwe n’ikoreshwa nabi ry’ubutunzi bw’uwo muryango, kutubahiriza amategeko agenga itangwa ry’amasoko no guhonyanga amategeko agenga itangwa ry’akazi.

Mw’itangazo yashize ahabona Mfumukeko avuga ko iyo rapporo ari iya kera akemeza ko iyo mu mwaka uheze w’2018 yari yerekanye ko ubwo bunyonyezi ata bwahabaye.

Bitegekanijwe ko icegeranyo c’iyo nama nshingamateka gihabwa inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC. Iyo ni yo ishobora gufata ingingo, ko abagirizwa ubunyonyezi bahanwa canke ko bashimirwa kuko bakoze neza.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Kubera Iki EALA Isabira Ibihano Liberat Mfumukeko?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:44 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG