Uko wahagera

Maroke Yakiriye Intumwa za Isirayeli mu Biganiro


Izo ntumwa za Isirayeli zagiye kugirana ibiganiro n’umwami Mohammed wa gatandatu wa Maroke bigenewe gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi. Amasezerano y’ukugirana imigenderanire hagati y’izo mpande zompi yahagarikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ni kimwe mu vyaranguwe na Prezida Donald Trump mu bijanye na politike yo hanze y’igihugu imbere y'uko arangiza amabanga y'iwe y’ukuyobora Amerika.

Umurwi w’abaserukira igihugu ca Isirayeli, uyobowe n’umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere ku bijanye n’umutekano w’igihugu, Meir Ben-Shabbat, waherekejwe na Jared Kushner, umukwe wa Prezida Trump akongera akaba ari inyuma y’umugambi w’ugutuma ibihugu vy’abarabu bisubira kugirana imigenderanire na Isirayeli.

Isirayeli na Maroke vyiteze ukwiyongera gukomeye kw’ingendo z’ingenzi ziturutse muri ivyo bihugu vyompi, cane cane mu baturage ba Isirayeli ibihumbi amajana n’amajana bafise amamuko muri Maroke.

Umushikiranganji ajejwe ivy’ingenzi muri Maroke, Nadia Fettah Alaoui, avuga ko imigenderanire hagati y’gihugu ciwe na Israyeli izofasha kurushiriza abanyagihugu b’izo mpande zompi.

Maroke yakwirikiye Emira zunze ubumwe z’abarabu, Bahrain na Sudani mu kugirana imigenderanire na Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG