Uko wahagera

Mareziya Isabwa Kwisigura ku Mpunzi zo muri Myanmar Yatahukanye


Zimwe mu mpunzi z'abarohingya bahungiye muri Bangladesh,
Zimwe mu mpunzi z'abarohingya bahungiye muri Bangladesh,

Abashingamateka batatavuga rumwe na Reta muri Mareziya n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu basaba Reta y’ico gihugu gusigura igituma yaraye itahukanye abimukira barenga 1000 bo muri Myanmar, kandi ubutungane bwari bwategetse ko boba baragumijwe muri ico gihugu.

Sentare nkuru ya Mareziya muri rusangi yari yategetse ko abanyagihugu 1200 baturuka muri Mynmar bariko basaba ubuhungiro baba baragumijwe mu gihugu mu kurundira ko dosiye zabo ziheza kwigwa. Igisata kijejwe ivy’abimukira muri ico gihugu gitangaza ano makuru cavuze ko 1086 muri abo bari basabiwe kuguma ku butaka bwa Mareziya batahukanywe.

Abashingamateka batavuga rumwe na Reta ya Mareziya n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu basavye ko Reta yisigura bayagiriza ko yaciye kubiri n’amategeko mu kuvuguruza ubutungane. Sentare nkuru ya Mareziya nayo ku ruhande rwayo, yategetse Reta y’uko itotahana 114 basigaye muri abo 1200 vyari bitegekanijwe ko urubanza rwabo rwumvirizwa mu kwezi kuza kwa gatatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty Interanational riharanira agateka ka zina muntu muri Mareziya ryemeza ko mu basubijwe muri Myanmar, harimwo abo ONU yari yaramaze kwandika nk’impunzi kandi harimwo n’abo wasanga bafise umwe mu bavyeyi bakomoka muri Mareziya. Mareziya ibarizwamwo impunzi zikomoka muri Myanmar zirenga ibihumbi ijana. Abenshi muri abo akaba ari abo mu bwoko bw’abarohingya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG