Uko wahagera

Mali: Ubulayi Bwumvikanye Uko Buzorwanya Intangondwa z'Abayisilamu


Ibihugu vy'i Bulaya vyumvikanye uno musi ku wa gatanu ku vyerekeye gutegekanya imigambi mu kiringo c'indwi zibiri ku kugene bizobandanya urugamba rwavyo rw'ukurwanya intagondwa z'abayislamu muri Mali.

Ni inyuma yuko Ubufransa butangaje ko uko ibintu bimeze muri Mali ku ntwaro y’abasirikare bakoze kudeta atawovyihanganira.

Icuka kibi cariyongeye hagati ya Mali n’ibihugu bikorana vyo mu mahanga inyuma yuko abasirikare banse gutegura amatora inyuma ya kudeta 2 zabaye muri ico gihugu.

Ico gihugu carakiye abacangero b’abarusiya, mu vyo bimwe mu bihugu vy’i Bulaya vyatangaje ko bitajanye n’igikorwa cabo muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Danemark, Trine Bramse, avuga ko ari ibigaragara ko ingingo ya Reta ya Mali y’ugusaba ko inteko z’ico gihugu ziva kau butaka bwayo iterekeye gusa Danemark, ko yerekeye abasirikare bakoze kudeta bashaka kuguma ku butegetsi. Amenyesha ko badashaka kugirisha amatora basavye.

Uyu mushikirangani yabitangaje inyuma y’inama ibihugu 15 vy’i Bulaya bifise uruhara mu vyerekeye inteko zidasanzwe z’i Bulaya zijejwe kurwanya intakondwa z’abayislamu muri Mali vyagize hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwa videwo.

Trine Bramse avuga ko bumvikanye ku vyerekeye gutegekanya umugambi mu kiringo c’imisi 14 ugenewe gufata ingingo ku kugene ibikorwa vy’ukurwanya iterabwoba muri kazoza mu karere ka Sahel bizoba bimeze.

Abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi b’ivyo bihugu barahuye mu biganiro inyuma yuko abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali basavye ko inteko za Danemark bava ku butaka bw’igihugu cabo mu kuvuga ko bahari mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Ivyo bihugu vyariyamirije ivyatangajwe n’abategetsi b’abasiriukare ba Mali.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG