Uko wahagera

Mali: Imyiyerekano y'Abarwanya Perezida Ibrahim Boubacar Irabandanya


Muri Mali, abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Prezida Ibrahim Boubacar Keita baraye bononye bongera barasahura ibintu mu nyubakwa y’umugambwe uri ku butegetsi. Abategetsi bavuga ko uruhagarara n’imyiyerekano yabaye ku musi wa gatanu no ku wa gatandatu yahitanye abantu cumi n’umwe.

Igihugu ca Mali kiri mu ruhagarara rwa politike kuva umukuru w’igihugu atowe mu mwaka wa 2013. Ni inyuma y'aho abasirikare b’Ubufaransa bomoye abagwanyi b’intagondwa z’abayislamu zikorera mu ntara zimwe zimwe zo mu buraruko bwa Mali. Yamara abo bagwanyi babandanya kugira ibitero ku gisirikare ca Mali naho muri ico gihugu hari inteko za ONU, abasirikare b’Ubufaransa n’ab'akarere.

Ugusahura no kwonona ibintu vyari mu nyubakwa umugambwe RPM ukoreramwo, vyaraye bibaye inyuma y’amasaha make umukuru w’igihugu afashe imwe mu ngingo zikomeye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari baramusavye. Iyo ngingo ikaba yasaba ko umukuru w’igihugu atesha agaciro sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Amasaha make imbere yaho kandi, avugira kuri televiziyo, umukuru w’igihugu yari ahejeje kwemera ko n’amatora y’abashingamateka yosubirwamwo nk’uko abatavuga rumwe nawe babisaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG