Uko wahagera

Mali: Abategetsi Ntibahuza ku Gitigiri c'Abaguye mu Gitero Giherutse


Ikarata y'ahabereye igitero coba cahitanye 95
Ikarata y'ahabereye igitero coba cahitanye 95

Muri Mali ntibarashobora guhuriza ku gitigiri c’abaguye mu gitero co mu bucagucagu bw’ejo ku wa mbere.

Mu gihe reta yari yatangaje ko abarenga 95 ari bo baguye muri ico gitero, umukuru w’akarere ka Mopti kabereyemwo ubwo bwicanyi, jenerali Sidi Alassane Touré, yavuze ko abakiguyemwo ari 35 gusa.

Umukuru wa komine Sangha ibarizwamwo ako karere , Aly Dolo, ku ruhande rwiwe yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko mugenzi we Jenerali Sidi ivyo bitigiri ariko aratanga atashizemwo ivy’abaturiwe yaharuye abo ibiziga vyabonetse. Ku bwa Sidi abaturiwe ni bo benshi.

Amakuru yatangajwe ejo ku wa mbere yavuga ko ico gitero cahitanye ahanini abo mu bwoko bw’Abadogon gishobora kuba cakozwe n’abarwanyi bo mu bwoko bw’Abafulani.

Yamara, abategetsi b’akarere ka Sangha bacegetse ku muhari w’iterabwoba wiyitirira idini rya kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG