Uko wahagera

Madagascar Yatanguje Uruganda rwa Kabiri Rukora Imiduga


Perezida wa Madagascar Andry Rajoelina yatangaje ko vuba ico gihugu gitangura guhingura imiduga kibifashijemwo n’amahinguriro yo mu Budagi no mu Bushinwa.

Imiduga ya mbere izohingurirwa muri Madagascar vyitezwe ko itangura kudandazwa mu myaka itatu. Amazina izohabwa ntiyatangajwe. Ihinguriro GasyCar rizoyihikora rizohingura kandi n’amapikipiki.

Perezida Rajoelina yabwiye itangazamakuru ko isoko rya mbere baryizeye mu gihugu,ariko kandi bazoshorera no hanze na cane cane ku mugabane w’Afurika.

GasyCar ribaye ihinguriro rya kabiri ry’imiduga muri Madagascar. Irindi ryari rihasanzwe ryitwa Karenjy riracumbagiza mu gukora. Ku mwaka ryahiriwe ridandaza imiduga iharurwa mw’icumi. Madagascar kiri mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi. Ku banyagihugu cumi, icenda babeshejweho n’amafaranga ari munsi y’amadorali abiri ku munsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG