Riek Machar ayoboye abatavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko ntiyiteguriye kugaruka ku murwa mukuru, Juba. Ashaka kwigizayo ishirwaho rya Reta y’ubumwe gushika ibibazo vyerekeye umutekano wiwe bitorewe inyishu. Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi wo mu mugambwe wiwe uno musi ku wa gatatu.
Vyari bitegekanijwe ko Machar atahuka muri Sudani yo mu bumanuko mu kwezi kwa gatanu, akaja muri Reta y’ubumwe mu mabanga y’icegera ca Prezida Salva Kiir inyuma yuko amasezarnao y’amahoro ateweko igikumu mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze.
Ayo masezerano ni akigoro ka nyuma k’uguhagarika ingwano imaze imyaka 6 muri ico gihugu. Ingwano yadutse inyuma yuko abo bagabo babiri batumvikanye mu mwaka w’i 2013. Abakwirikirana ibintu bari bagabishije kw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro yo mu mwaka uheze ryahagaze.
Stephen Kang Chol, aserukira umurwi urwanya ubutegetsi wa Riek Machar, SPLO-IO mu murwi w’igihugu w’imbere ya Reta mfatakibanza ujejwe gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro yashitsweko, avuga ko bariko basaba kwigizayo ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano mu kiringo c’ayandi mezi nk’atandatu.
Facebook Forum