Uko wahagera

Amakambi y’Impunzi Mu Gihugu ca Libya


Amakambi y’Impunzi Mu Gihugu ca Libya
Amakambi y’Impunzi Mu Gihugu ca Libya

Ingorane ba kavantara bafise, zerekeye ibibazo vy’umutekano mu makambi babamwo, amazi meza, n’ingorane zo kutagira aho bivuza

Umugwi ujejwe gutohoza ibiriko biraba muri Libya, wavuze ko abanya Afrika bimukira mu bindi bihugu bakeneye imfashanyo. Abagize uwo murwi barongera bakamenyesha ko abo bantu babayeho m’ubukene butagira uko buvugwa, bakaba rero bakeneye amazi meza, kwivuza, umuyagankuba, n’umutekano ukwiye.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ba kavantara, umupfosoni Jemeni Pandya, avuga ko ba kavantara baba mu tuzu tudashemeye. Arongera akavuga ko utwo tuzu twubatse mu bisigarira vy’ibintu bashoboye gutora, nk’utumwanya canke impuzu. Ivyo bisigarira nivyo bakoresha mu gusakara amashami y’ibiti.

Abo ba kavantara barashikirije abarongoye ishirahamwe mpuzamkungu ryitaho ba kavantara amakenga bafise. Ayo makenga yerekeye ibibazo vy’umutekano mu makambi babamwo, n’ingorane zo kutagira aho bivuza. Bavuze ko ata ngo canke impome zikikuje amakambi babamwo, kugira ngo zibakingire. Ivyo bigatuma bama batewe, bibwe, mbere n’ukwicwa bakicwa, mu gihe batashe mw’ijoro, bavuye gutembera mu gisagara. Hari aho abasuma bakoresha inkoho mu gusahura.

Batanga akarorero kw’ikambi ihana urubibe n’ubugaragwa. Bavuga ko utuzu abo muri iyo kambi babamwo duteye isoni. Umuvugizi Pandya yamenyesheje ko ba kavantara bama bakubiswe. Arongera akamenyesha ko abo bakavatara bagira ibirometero 20 bagiye kurondera aho bivuza, bagarutse mw’ijoro bagahura n’ababandi.

Pandya avuga ko igitigiri c’abantu baba mu makambi cama cahidutse, kubera uruja n’uruza rwa ba kavantara bashika canke bataha iwabo imisi yose. Avuga ko ba kavantara b’abanyafrika bashikira muri ayo makambi, bipfuza kuyavamwo badatevye.

Icagaragaye n’uko abaganga n’abaforoma bahora bavura ababa muri ayo makambi, bari ba kavantara baturuka mu Misiri, none kuva ingorane zabaye mu gihugu cabo baciye bitahira. Abaganga bake basigaye, baturuka muri Pakistani no muri Korea ya Ruguru.

XS
SM
MD
LG