Uko wahagera

Leta ya Tanzaniya Yasavye Abanyagihugu Kutirengagiza Covid-19


Perezida Samia Suluhu Hassan
Perezida Samia Suluhu Hassan

Prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan yasavye abanyagihugu kutirengagiza ikiza ca Covid-19.

Ni inyuma yuko uwo yasubiriye yitavye Imana, John Magufuli ateye impungenge amakungu mu kwerekana amazinga kuri ico kiza.

Kuva Samia Suluhu Hassan ashitse ku butegetsi inyuma y’urupfu rwa Magufuli mu kwezi kwa gatatu, reta yarahinduye inyifato ku bijanye n’ikiza ca Codiv-19.

Yasavye abanyagihugu kwambara udufukamunwa n’ukutegerana mu gihe bari hanze y’ingo zabo.

Nta mugambi werekeye gucandaga abanyagihugu uhari muri iki gihe muri Tanzaniya. Yamara ico gihugu carasavye kuja mu mugambi wa COVAX ugenewe guha incanco ibihugu bikenye kurusha ibindi vyo kw’isi.

Abategetsi bariko bakorana n’abajejwe amagara y’abantu mu ntumbero y’ugutegekanya umugambi w’ugutanga incanco, nkuko vyatangajwe mu ntango z’uku kwezi n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS.

Reta ya Tanzaniya yasavye kandi ikigega mpuzamakungu FMI ingurane y’imiliyoni 571 y’amadolari agenewe gufasha guhangana n’ibibazo vyatewe n’ikiza ca Covid-19.

Prezida Samia Suluhu Hassan avuga ko igihugu ciwe kigeramiwe n’incuro ya gatatu y’ikiza Covid-19. Yabitangaje mw’ijambo yashikirije abasenyeri b’abakatolika ku murwa mukuru, Dar es Salaam.

Imbere yuko yitaba imana mu kwezi kwa gatatu, John Magufuli yari yafashe minenerwe ikiza ca Covid-19 mu kuvuga ko ico kiza kitabazwa muri Tanzanziya. Ku ntwaro yiwe igihugu carahagaritse kutangaza mu kwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2020 ibitigiri vy’abarwaye canke abahitanywe n’ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG