Uko wahagera

Reta ya Maroke Yahagaritse vy'Agateganyo Imigenderanire n'Ubudage


Umushikiranganji w'imigenderanire wa Maroke Nasser Bourita
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Maroke Nasser Bourita

Ihagarikwa ry’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ibaye muri ino ndwi mu gihe hari hasanzwe ukutumvikana hagati yabo ku bijanye n’intara ya Sahara y’uburengero. Ni inyuma y’aho reta ya Donald Trump ifatiye ingingo idasanzwe yo kwemera ku mugaragaro ko ako karere kari mu bumanuko bw’ico gihugu ca Maroke kayobogwa naco.

Ikete ry’ubushikiranganji bwa Maroke bujejwe imigenderanire n’amakungu ryashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi n’abantu batabifitiye uburenganzira. Iryo kete ryanditswe n’umushikiranganji Nasser Bourita ritegeka inzego za reta guhagarika ibiganiro canke ugukorana mu nzira izo ari zo zose n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubudagi.

Ayo makuru yemejwe kuri uno musi wa kabiri n’umutegetsi wa reta ya Maroke yabibwiye itorokanirio ry’amakuru AP. Ariko uwo mutegetsi yavuze ko iryo kete ritari ryagenwe gushirwa ahabona.

Igihugu ca Maroke giheruka kwigarurira intara ya Sahara y’uburengero yari isanzwe iyobowe n’umurwi w’abasirikare b’umurwi wa Polisario, wagwaniye ubwigenge bwayo kuva ku bakoloni b’igihugu ca Esipanye mu 1975. ONU yari imaze imyaka 30 ihagarariye amasezerano y’umwumvikano hagati y’umurwi wa Polisario n’igihugu ca Maroke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG