Uko wahagera

Leta y'Uburundi Irasaba Abagwizatunga Guteza Imbere Amahinguriro


Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi.
Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yamenyesheje abari bitavye ihuriro ry'abafise amahinguriro ko ata gihugu gishobora gutera imbere kidafise amahinguriro yifashe neza.

Kuva kuri uno wa kane mu Burundi hatanguye ihuriro ry’abagize amahinguriro rijanye no kwihweza ingene amahinguriro mu Burundi yifashe n’ingene yotezwa imbere.

Muri iryo huriro ry’abagwizatunga bafise amahinguriro, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yamenyesheje abari bitavye ko ata gihugu gishobora gutera imbere kidafise amahinguriro yifashe neza. Yamenyesheje ko reta iriko irakora ibishoboka vyose kugira abashaka gushinga amahinguriro boroherezwe mu ntumbero yo gukora bunguka. Evariste Ndayishimiye arashikiriza ibimaze gukorwa na reta y’Uburundi asaba abagwizatunga kureshya bagenzi babo bo mu mahanga gushora imitahe mu Burundi no gutinyuka gusaba ingurane muri za banki kugira bashobore gukora neza

Umuhinga mu bijanye n’ubutunzi Faustin Ndikumana abona ko mu gihe umugambi w’igihugu ujanye n’ingene amahinguriro akora uzoba utaraboneka, amahinguriro yo mu Burundi azogumana ibibazo kandi ariyo yari isoko ry’iterambere.

Na bene amahinguriro bamenyesha ko hakiriho intambamyi zibabuza gukora batera imbere. Olivier Suguru arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi avuga ko hakiri ikibazo c'inguvu z'umuyagankuba zidahagije n'ubuke bw'amafaranga y'agaciro kuri zimwe zimwe.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko habaye urunani kuva ku mitumba n’amashirahamwe azotera imbere. Niko kubwira abo bene amahinguriro ko bokwitegurira guhingura ibizova mu ma koperative y’abanyagihugu ari ku mitumba 2639 igize Uburundi, aho buri koperative yahawe na reta imiriyoni 10 z’amafaranga y’amarundi kugira zigwize umwimbu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG