Uko wahagera

Kuziganya Birashoboka ku Bagendana Umugera wa Sida?


Abagendana umugera wa Sida n'imiryango yabo bafatana mu mugongo babifashijwemo n'ishirahamwe by'abitangirabushake (ABE) Ouagadougou
Abagendana umugera wa Sida n'imiryango yabo bafatana mu mugongo babifashijwemo n'ishirahamwe by'abitangirabushake (ABE) Ouagadougou

Abagendana umugera wa SIDA barahurira hamwe mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana mu kibano n’abatagendana uwo mugera, kugira ngo bashobore kwiyungunganya baronke ivyo bakenera mu buzima bwa misi yose.

Abari muri ayo mashirahamwe mu gisagara ca Ruyigi, barashima ko abagendana umugera wa SIDA nabo bashoboye, kandi bakemeza ko kuja hamwe bibafasha gushika ku migambi bifuza.

Mu ntara ya Ruyigi Umurwi “Nawe Nuze Dushigikirane”, ni umwe mu mirwi y’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana mu kibano, ahurikiyemwo abazi ko bagendana umugera wa SIDA n’abatagendana uwo mugera.

Abari muri uwo murwi urengeje umwaka uriko urakora mu gisagara ca Ruyigi, baganiriye n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Jean Claude Nshimirimana bamubwira icatumye biyandikisha baratanguza ibikorwa vy’uwo murwi wo kuziganya no kuguranana mu kibano.

“Nawe Nuze Dushigikirane” mu Ntara ya Ruyigi!
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:01 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG