Uko wahagera

Kubera Iki Ubushinwa na Pakistani Binebagura Amerika?


Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Imran Khan, kumwe na mugenzi we w’Ubushinwa Li Keqiang
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Imran Khan, kumwe na mugenzi we w’Ubushinwa Li Keqiang

Ibihugu vy’Ubushinwa na Pakistani biriko binebagura Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuba itaciye mu buryo busanzwe bukoreshwa mu gushikiriza integuro y’ingingo mu rwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Iyo ngingo yerekeye gucira ivomo Masood Azhar, umunyapakistani ayoboye umurwi ugira iterabwoba mu makungu, Jaish-e-Mohammad, ukorera muri Pakistani.

Amerika yakwiragije integuro y’iyo ngingo mu baserukira ibihugu 15 bigize urwego rwa ONU rujejwe umutekano kw’isi ku musi wa gatatu.

Integuro y’iyo ngingo ishigikiwe n’ibihugu vy’Ubufransa n’Ubwongereza ivuga ko Masood Azhar ari umuntu agira iterabwoba mu makungu.

Iyo ngingo ifashwe indwi 2 inyuma y’uko abategetsi b’Ubushinwa bazibiye ingingo nk’iyo ishigikiwe na Amerika mw’ishirahamwe ONU.

Abategetsi b’Ubushinwa basavye aba Amerika kwitondera integuro y’iyo ngingo yerekeye Masood Azhar.

Ubushinwa, bushigikiye bikomeye igihugu ca Pakistani, bwarazibiye ingingo y’akanama k’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi yari igenewe gufatira ibihano Azhar mu mwaka w’i 2016 no mu mwaka w’i 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG