Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Umwungere wa Ekleziya Katolika Azogendera Iraki


Papa Francis mu ndege yerekeza muri Mozambique mu 2019
Papa Francis mu ndege yerekeza muri Mozambique mu 2019

Bitegekanijwe ko umwungere wa Ekleziya Katolike, Papa Fransisiko azobonana n'umuyobozi w'abayislamu b'aba Shi'ite muri Iraki mu rugendo azogira muri ico gihugu mu kwezi kwa gatatu k'uyu mwaka.

Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa kane, n’umuyobozi mukuru wa Ekleziya Katolika muri Iraki. Urugendo rwiwe muri Iraki, abaje imbere yiwe batashoboye kugira, ruzoba rubaye mu gihe ibibazo vy’umutekano bitera vyiyongera mu bice bimwe bimwe vy’igihugu, n’inyuma yuko habaye igitero ca mbere gikomeye cane c’umwiyahuzi ku murwa mukuru, Bagdad mu kiringo c’imyaka itatu.

Urugendo Papa Fransisiko azogira muri Iraki hagati y’italiki 5 n’italiki 8 z’ukwezi kwa gatatu, ruzoba rurimwo imisa azohimbaza ku murwa mukuru, Bagdad no mu gisagara ca Erbil kiri mu buraruko bw’igihugu. Azogendera kandi igisagara ca Mosul cahoze kiri mu minwe ya Reta ya Kiyislamu. Ico gisagara kirafise abakristu bari ku rushi, hamwe n’ibisigarira vy’igisagara ca Ur mu bumanuko bw’igihugu. Ico kibanza cubashwe kibonwako ariho Abraham yatanguje amadini ya Judayisme, y’igikristu na Islamu.

Papa Fransisiko yaragendeye ibihugu bigizwe ahanini n’abayislamu birimwo, Turkiya, Jordaniya, Misiri, Bangladesh, Azerbayijani, Emira zunze ubumwe z’abarabu n’intara za Palesitna. Yaboneyeho akaryo muri izo ngendo ko gusaba ibiganiro hagati y’amadini atandukanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG