Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere nta Muntu Mushasha Yanduye Corona mu Bushinwa


Corona virus5
Corona virus5

Ubushinwa bwatangaje uno musi ku wa kane ko ata wundi muntu n’umwe mushasha yanduye umugera wa Corona mu bantu bari mu gihugu. Bubaye ubwa mbere ivyo biba kuva ico gihugu gitanguye gushikiriza ibitigiri vy’abafise uwo mugera mu kwezi kwa mbere.

Yamara abategetsi b’Ubushinwa batangaje ko ibitigiri vy’abafise umugera wa Corona bavuye hanze y’igihugu biriko biriyongera. Kuba ata banduye umugera wa Corona mu bari imbere mu gihugu ni intambwe ikomeye cane ku twigoro tw’Ubushinwa two kurwanya uwo mugera.

Yamara ukwiyongera kw’ibigitiri vy’abazana uwo mugera bawukuye hanze y’igihugu bishobora kugeramira intambwe Ubushinwa bumaze kugerako.

Abantu 34 ni bo bazanye umugera wa Corona bawukuye hanze y’igihugu. Yamara ibiharuro bitangwa vyerekana umugera wa Corona usa n’uwutakiri mu gisagara ca Wuhan, aho watanguye kwiyadukiza mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze w’i 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG