Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yoba Yongeye Kurasa Misile


Igihugu ca Koreya ya ruguru cararashe ibisa na misile 2 balistike zidashika kure cane. Ayo makuru yatangajwe n’igisirikare ca Koreya y’epfo ku musi wa kane.

Imwe muri ayo ma misile yagiye ibilometero 420 mu gihe iyindi yagiye ibilometero 270 nkuko bitangazwa n’umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Koreya y’Epfo.

Ayo misile yarasiwe mu ntara ya North Pyongan mu gice co mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu atera agana mu buseruko.

Intara ya North Ryongan irimwo ikibanza c’ama misile balistike.

Mu biro vya Prezida wa Amerika, Maison Blanche, ku musi wa kane, Prezida Trump yatangaje ko ingingo ya Koreya ya ruguru ata numwe ishimishije. Yavuze ko atemera ko Koreya ya ruguru yiteguriye kuganira.

Prezida w’igihugu ca Koreya y’Epfo, Moon Jae-in yasavye Koreya ya ruguru kwirinda kurasa misile. Avuga ko ivyo bigeramira utwigoro tw’ugutuma ikigobe ca Koreya kuvanwamwo ibirwanisho ruhonyanganda.

Abategetsi ba Koreya y’epfo bavuga ko bongereje ingingo z’umutekano hamwe Koreya ya ruguru yorasa izindi misile.

Misile za nyuma zirashwe mu gihe Stephen Biegum, intumwa idasanzwe ya Amerika muri Koreya ya ruguru ariko abonana n’abategetsi ba Koreya y’Epfo ku murwa mukuru, Seoul.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG