Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yasenyuye Inyubakwa Yayihuza na Koreya y’Epfo


Koreya ya ruguru yasenyuye inyubakwa yari ijejwe ubuserukizi bwa Koreya y’Epfo muri ico gihugu.

Isenyurwa ry’inyubakwa yafatwa nk’ikimenyetso gihuza Koreya ya ruguru n’iy'epfo ribaye inyuma yaho Koreya ya ruguru yari yaragabishije ko izobikora. Ico gikogwa ca reta ya Koreya ya ruguru congereje icuka kibi cari gisanzwe kiri hagati y’ivyo bihugu.

Kuri uno musi wa kabiri, ibinyamakuru vyo muri Koreya y’epfo vyatangaje ko humvikanye ikintu guturika kigakurikizwa n’imyotsi, hafi y’inyubakwa y’ihinguriro y'ahitwa Kaesong irimwo ibiro bigirigwamo amanama ahuza ivyo bihugu vyompi.

Inyuma y’iminota mike bibaye, ibiro vy’ubushikiranganji bujejwe ukwumvikanisha ivyo bihugu vyaciye bitangaza ko iyo nyubakwa yasenyuwe.

Ikinyamakuru ca reta ya Koreya ya ruguru, na co nyene catangaje ko iyo nyubakwa yasenyuwe n’ico bise “ituritswa rikomeye”.

Naho isenyurwa ry’iyo nyubakwa ryabonetse nk’iteragere kuri reta ya Koreya y’epfo, yari nk’ikimenyetso gisanzwe kuko yari imaze amezi idakoreshwa. Abakozi b’iyo nyubakwa bahagaritse akazi kuva mu kwezi kwa mbere kubera amakenga y’ikiza ca Corona.

Reta ya Koreya y’epfo yasohoye urwandiko runegura ico gikogwa. Igisirikare cayo carahiye yuko ni ako gasomborotso kabandanya bagiye kuzishura bisunze ingingo zikomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG