Abategetsi ba Koreya ya ruguru batangaje ibintu bitandukanye muri iyi ndwi igihe bishura ku kamo kasubiye guterwa na Koreya y'Epfo kuko ivyo bihugu bibiri vyorangiza icese ingwano yo muri Koreya.
Ako kamo prezida wa Koreya y’epfo, Moon Jae-in, yateye muri iyi ndwi kagenewe gutuma haba intambwe mu biganiro na Koreya ya ruguru vyahagaze muri iki gihe.
Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Koreya ya ruguru, Ri Thae Song, yasavye ku musi wa kane ko hakiri kare kuba batangaza irangira icese ry’ingwano yo muri Koreya.
Ivyo bibaye mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika zibandanya gushira mu ngiro imigambi igwanya igihugu ciwe. Yatanze akarorero k’inteko z’Amerika ziri muri Koreya y’epfo no mu karere kose ko muri Aziya yo mu buseruko.
Yamara Koreya ya ruguru yarahinduye imvugo yayo amasaha makeyi inyuma yaho mw’itangazo ryashikirijwe na Kim Yo Jong, mushiki w’umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un.
Kim Yo Jong, yagize uruhara rukomeye cane mu vyerekeye imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Koreya y’Epfo mu myaka ya vuba, yasavye gutangaza irangira icese ry’ingwano hagati y’ivyo bihugu 2 ari iciyumviro ciza. Yanasavye ko hoba ibiganiro hagati y’izo mpande zompi kuri ico kibazo.
Ico yasavye gusa ni uko Koreya y’epfo yohindura imvugo ikoresha ku vyerekeye igihugu ciwe.
Gushobora kurangiza icese ingwano hagati ya Koreya ya ruguru na Koreya y’Epfo bimaze igihe kirekire ari inkomoko ry’ukutumvikana hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika na Koreya y’Epfo, naho kenshi bitaja ahabona.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Amerika, John Kirby, muri iyi ndwi yatangaje yamara ko Amerika ishigikiye ivyerekeye kuganira irangira icese ry’ingwano mu kigobe ca Koreya.
Facebook Forum