Uko wahagera

Koreya ya Ruguru mu Myiteguro yo Gusambura Ahageragerezwa Ruhonyanganda


Abamenyeshamakuru umunani bo muri Koreya y’Epfo bashitse muri Koreya ya Ruguru inyuma yaho bemerewe ku munota wa nyuma kuja kurorera ingene ikibanza, Punggye-ri, kigeragerezwamwo ibirwanisho ruhonyanganda gisamburwa.

Vyari bitegekanijwe ko abo bamenyeshamakuru bafatana indege ejo ku wa kabiri na bagenzi babo bo muri Amerika, ubwongereza, Ubushinwa n'Uburusiya ariko bimwa uruhusha.

Bitegekanijwe ko ikibanza Punggye-ri kimaze kugeragerezwamwo ibirwanisho ruhonyanganda ku ncuro zitandatu gisamburwa bitarenze ku wa gatanu.

Ikibanza Punggye-ri giherereye mu buraruko bwa Koreya ya Ruguru, mu karere karimwo imitumba miremire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG