Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Ihiga Gutunganya Igisirikare Gihangana n'Amerika


Amasanamu ya Prezida wa Koreya ya Ruguru n'aya prezida w'Amerika
Amasanamu ya Prezida wa Koreya ya Ruguru n'aya prezida w'Amerika

Mu bikorwa vyo gusuzuma ibigwanisho ruhonyanganda bishasha biheruka guhingurwa, prezida wa Koreya ya ruguru yarahiye ko agiye gutunganya neza igisirikare co guhangana n’ivyo yise agasotoro kabandanya kugirwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Prezida Kim Jong-un yafashe umwanya wo gushikiriza ijambo mw’ihayanisha ridasanzwe ry’ibirwanisho vya gisirikare ejo ku musi wa mbere. Yavuze ashimitse ko inguvu za gisirikare afise zitari izo gukoresha ku banyagihugu kandi ko hadakwiye kuzokwigera haba irindi canishamwo hagati y’Abanyakoreya. Ni mu bisa n’umugenzo wo kubandanya icuka kibi hagati ya Koreya ya ruguru na Amerika.

Itororokanirozo ry’amakuru muri Koreya ya ruguru, KCNA, ejo ku wa mbere ryanditse ko Prezida Kim yavuze ati “ Amerika iguma ivuga ko itabangamiye igihugu cacu, ariko nta bikorwa biboneka vyotwemeza ko itatubangamiye."

Abategetsi ba Reta ya Koreya ya ruguru bamenyesha ko iryo hayanisha ry’ibigwanisho, KCNA ivuga ko ryari rijanye n’urubanza rwo guhimbaza imyaka 76 kuva umugambwe w’abakozi uri ku butegetsi uvutse, ryabaye irya mbere rikomeye kuva Prezida Kim afashe ubutegetsi mu mwaka w' 2011.

Amerika imaze gusaba Koreya ya ruguru ibiganiro “aho ari ho hose, umwanya uwo ari wo wose” ata kirinze gusabwa. Yamara Prezida Kim ivyo arabinegura avuga ko uwo mubonano basaba ari umugambi wo guhisha inyifato mbi Amerika ifise mu migenderanire yabo na Koreya ya ruguru. Ahubwo agasaba ko bokura ibihano bafatiye igihugu ciwe bakongera bagahagarika imyimenyerezo ya gisirikare bagirana na reta ya Koreya y’epfo imbere y'uko ibiganiro hagati yabo bibandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG