Uko wahagera

Koreya y'Ubumanuko: Ubucamanza Bwiteguye Kurengutsa Prezida Park


Prezida Park Guen Hye wa Koreya y'Ubumanuko
Prezida Park Guen Hye wa Koreya y'Ubumanuko

Muri Koreya y’Ubumanuko, abacamanza bamenyesha ko biteguye kurengutsa Prezida Park Geun-Hye, mur’iyi ndwi, ku bijanye n’ibirego aregwa kwinyuruzwa ry’ubutunzi, ivyatumye haduka ibibazo muri Reta, hamwe n’imigumuko y’abantu isinzi, kur’uyu wa gatandatu, basaba ko Prezida Park atanga imihoho.

Iri rizoba ribaye irya mbere aho muri Koreya y’Ubumanuko, abacamanza barengutsa Umukuru w’Igihugu ku bijanye n’ibirego biba bimwagira. Amatohoza yakozwe k’urudadanza gwabaye hagati ya Prezida Park, n’Umukenyezi Choi Soon-Sil, urudandaza bivugwa ko gwatwaye amamiyoni n’amamiliyoni y’amadolari, akaba ari mu vyatumye Prezida Park atakaza icizere nk’umutegetsi ata giturire camurangwako.

Abacamanza bamenyesha kandi ko bariko barakora amatohoza kuri Choi, aregwa kuba yarakoresheje igihagararo ciwe mu kwivanga muvya politike, mu gihe ata burenganzira yar’abifitiye.

XS
SM
MD
LG