Uko wahagera

Kongre y’Amerika Yakajije Amatohoza kuri Perezida Donald Trump


Perezida wa Amerika Donald Trump
Perezida wa Amerika Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yifatiye mu gahanga uno musi ku wa gatatu inama nshingamateka afatiye ku matohoza abademokrate bariko bamukorako.

Amatohoza y'abademokrate bafise ibibanza vy'inshi mu nama nshingamateka ya Amerika ashimikiye ku matungo ya Perezida Trump no ku bo bakorana imirimo y’ubudandaji.

Perezida Trump yagirije Adam Schiff arongoye umurwi uriko umukorako amatohoza ko ata cemezo na kimwe afise cuko yakoranye n'Uburusiya mu guhuvya amatora yamushikanye ku butegetsi.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Trump yongeye yandika ko abademokrate bataye umutwe, ivyo bariko baramukorera ataho vyakabaye. Yavyise " Ihohotera rya Perezida" yongera avuga ko vyari bikwiye gucika umugani.

Abademokrate bashikiriye amabanga y’ukuyobora inama nshingamateka mu kwezi kwa mbere inyuma yo gutsindira ibibanza vyinshi muri urwo rwego, ruvuga ko rukeneye kumenya isoko y'ubutunzi bwose bwa Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG