Uko wahagera

Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo Yasavye Kwinjira muri EAC


Perezida Felix Tshisekedi wa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo ari kumwe na Perezida Paul Kagame w'u Rwanda ubu uyoboye Umuryango w'Afurika y'Uburasirazuba.
Perezida Felix Tshisekedi wa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo ari kumwe na Perezida Paul Kagame w'u Rwanda ubu uyoboye Umuryango w'Afurika y'Uburasirazuba.

Felix Tshisekedi, Perezida w’igihugu ca Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yandikiye mugenzi we w’u Rwanda Paul Kagame amusaba ko Kongo yokwemererwa kwinjira mu muryango w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Perezida Kagame yandikiwe urwo rwandiko italike 8 z’uku kwezi, kubera ari we aramutswa uwo muryango wa EAC uyu mwaka. Ibiro vy’umukuru w’igihigu wa Kongo biremeza ko iryo kete ari iry’ukuri.

Perezida Tshisekedi amenyesha ko ico cifuzo gifatiye ku guhanahana ibidandazwa n’ubucuruzi bidasiba kwiyongera hagati ya Kongo n’ibihugu vyinshi bigize akarere ka EAC.

Ni mu gihe ico gihugu ari kinini ku buryo gihana urubibe n’ibihugu 5 kuri 6 bigize EAC.

Arangiza asaba uwutwara EAC gushikana ubwo busabe ku bandi bakuru b’ibihugu bigize ako karere.

Ico cifuzo, na Perezida Joseph Kabila yasubiriwe na Tshisekedi yari yarakigaragarije Perezida John Pombe Magufuli wa Tanzaniya, mu mwaka w’2016. Uwu nawe amusaba kwandika ikete, intambwe yahavuye ishikwako na Tshisekedi.

Mu mwihwezo Ijwi ry’Amerika ryahawe n’umuhinga muri politike y’akarere abona ko Kongo gifise amahirwe menshi yo kwemererwa kubera gifitaniye imigenderanire myiza na EAC.

Hamwe cemerewe coba gisanze umuryango urimwo ibihugu birimwo amatati n’ukutumvikana cane cane hagati y’u Rwanda na Uganda hamwe n’u Rwanda n’u Burundi. Ndetse, gihana urubibe n’ivyo bihugu vyose bifitaniye amatati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG