Uko wahagera

Kongo Brazaville Ishobora Kujugunya Incanco za Covid-19 Ibihumbi 100


Isanamu y'incanco za Sinopharm zakozwe n'Ubushinwa.
Isanamu y'incanco za Sinopharm zakozwe n'Ubushinwa.

Abategetsi muri Kongo-Brazaville batangaza ko bashobora kujugunya incanco za Covid-19 ziri hagati y’ibihumbi 98 n’ibihumbi 100 bitarenze mu mpera za kuno kwezi kw’indwi.

Incanco zishobora gutabwa bivuye ku banyagihugu batariko barahurumbira isekeza ryo kw’icandagisha incanco zakozwe n’Ubushinwa. Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ico gihugu, Gilbert Mokoki, yabwiye abashingamateka ko ico gitigiri c’izo ncanco kidatanzwe vuba bwango, hazogera mu mpera za k’uno kwezi zataye igihe.

Muri rusangi, Ubushinwa bwahaye Kongo Brazaville incanco zigera ku bihumbi 300. Zigishika muri ico gihugu, abanyagihugu barazihurumbiye ariko uko umwanya waza uritera, ni ko abenshi bazinubiye bivuye ku bihuha bizivugwako. Hambavu y’ivyo bihuha abajejwe amagara y’abantu babeshuza, abanyagihugu basigura ko ikibaraje ishinga gusumba ari uguca umukate w’abana hakuja gucandagwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG