Uko wahagera

Koffi Olomidé Yaciriwe Umunyororo w'Imyaka Ibiri


Umuririmvyi Koffi Olomidé)

Ubutungane mu Bufaransa bwatangaje kuri uno wa mbere ko bwaciriye imyaka ibiri y'umunyororo umuririmvyi wo muri Congo Koffi Olomidé.

Koffi yagirizwa kuba yarafashe ku nguvu umwigeme w'imyaka 15 yatamba mu murwi wiwe.

Mu rubanza rwari rwarumvirijwe mu kwa kabiri mu Bufaransa, Koffi Olomidé yari yasabiwe gufungwa imyaka 7 yagirizwa kuba yarafashe ku nguvu bane mu bakobwa batamba mu murwi wiwe hagati y'imyaka ya 2002 na 2006.

Uwo muririmvyi w'imyaka 62 araregwa kandi ivyaha vyo kuba yarinjije bidaciye mu mategeko mu Bufaransa abo bamwagiriza ko yabafashe ku nguvu, kuba yarabakoresheje ntabahembe no kubafata nabi.

Koffi ntaravuga nimba azokunguruza canke atazokwunguruza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG