Uko wahagera

Kenya Yatanguye Gusaba Ivyemezo vy'Uko Umuntu Yacandazwe


Ingingo nshasha y'igihugu ca Kenya isaba abanyagihugu kwerekana ivyemezo ko bicandagishije kugira bemererwe mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi, yaje giturumbuka ku batari bake.

Reta yafashe iyo ngingo ku musi wa gatatu mu gihe ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 bitera vyiyongera cane. Ni abantu bake bubahirije iyo ngingo ku musi wa kane mu gihe bariko bataha iwabo guhimbaza umusi mukuru wa Noeli. Abakoresha amabisi ku murwa mukuru, Nairobi, ntibasavye ingenzi impapuro zerekana ko bicandagishije. Yamara basavye abantu kwambara udufukamunwa no gusukura iminwe yabo.

Peter Wangari, umudereva wa bisi, avuga ko bataragera aho basaba ko abagira ingendo bakoresheje uburyo bwo gutwara abantu berekana ko bicandagishije. Yamara amenyesha ko kumbure bishobora kuba mu ntango z’umwaka buca utangura.

Ibipimo vyakozwe ku musi wa kane vyerekanye ko abanduye bari ku rugero rwa 32.5 kw’ijana umuntu abigereranije na 0.7 kw’ijana kw’italiki 21 y’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwari bwatangaje imbere y’aho ko kwerekana ivyemezo vy’uko abantu bicandagishije vyari gutegerezwa gusabwa kw’italiki 21 y’uku kwezi kw’icumi na kabiri,

kugira bemererwe mu mashule, bagire ingendo bakoresheje uburyo bw’ugutwara abantu, bemererwe mu biro vya reta, mu mahoteri, ubunywero, uburiro na parike z’igihugu.

Yamara sentare yari yanse ko iyo ngingo ishirwa mu ngiro kuko hari hakiri ibintu bidatomoye neza, birimwo kumenya abajejwe gucungera ishirwa mu ngiro ryayo hamwe n’icokorwa ku bantu batazoba bashoboye kuronka incanco ku gihe. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG