Uko wahagera

Kenya Yashizeho 'Guma mu Rugo' mu Turere Dutanu


Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta
Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta

Prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yatangaje izo ngingo nshasha uno musi ku wa gatanu, imisi 14 inyuma y’ijambo rya nyuma yari yashikirije ku kiza ca Covid-19. Yatangaje iziririzwa ry’uruja n’uruza rw’abantu mu bice 5 vw’igihugu. Ivyo ni umurwa mukuru Nairobi, Kajiado, Machakos, Kiambu na Nakuru, kuva isaha zitandatu zo mw’ijoro uno musi ku wa gatanu.

Amasaha y’umukwabu yasubiwemwo ubu akaba ari kuva isaha zibiri z’ijoro gushika isaha cumi zo mu bucagucagu muri utwo turere, yamara azoguma ari kuva isa ine y’ijoro gushika isaha cumi zo bucagucagu mu tundi turere vy’igihugu.

Prezida Kenyatta yatangaje kandi iyugarwa ry’ibibanza abantu basengeramwo n’ububare. Uburiro bwategetswe gutanga ibifungurwa ku babijana gusa mu turere 5 twafatiwe izo ngingo. Ugukorana uko ari ko kwose kw’abantu benshi vyahagaritswe muri utwo turere.

Abakora ingendo bava mu mahanga bajya mu gihugu ca Kenya ku bazobandanya hisunzwe ibisabwa ku ku bijanye n’ikiza ca Covid-19.

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19 vyariyongeye incuro 10 hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka w’i 2021. Ibitigiri vy’abahitanwa n’uwo mugera navyo nyene birateye impungenge mu gihugu.

Igisagara ca Nairobi gifise ibice 60 kw’ijana vy’abemejwe ko bafise umugera wa Covid-19 mu gihugu cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG