Uko wahagera

Kenya Yanze Icyemezo cy'Urukiko ku Kibazo cy'Urugabano Ifitanye na Somaliya


Kenya yiyamirije ingingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane ku matati yerekeye imbibe zo mu mazi y'ibahari Indiyana ifitaniye na Somaliya. Irondera inyishu iciye mu biganiro.

Ingingo y’iyo sentare yashigikiye muri rusangi ivyasabwe na Somaliya muri ayo matati. Ico gihugu camenyesheje ko sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane yatangaje mu ngingo yayo yo ku musi wa kabiri ko urubibe rushasha rwo mu mazi y’ibahari Indiyana hagati y’ivyo bihugu bibiri ari inyishu yuzuriza impande zompi.

Prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yatangaje, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, ko mu gihe igihugu ciwe kitatangajwe n’ingingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, gifise impungenge zikomeye cane ku nkurikizi zayo mu karere ko mw’ihembe rya Afrika no ku vyerekeye amategeko mpuzamakungu muri rusangi.

Prezida Kenyatta yamenyesheje ko Kenya yiyamirije ingingo y’iyo sentare kandi ko itemera ivyayivuyemwo. Avuga ko iyo ngingo izogeramira kurushiriza ikibazo c’amahoro n’umutekano mu karere ko mw’ihembe rya Afrika gasanzwe gacumbagira.

Somaliya, yakiye neza iyo ngingo, yashingishije urubanza mu mwaka w’i 2014 muri iyo sentare nkuru y’ishirahamwe mapuzamakungu ONU itatura amatati hagati y’ibihugu.

Ingingo yo ku musi wa kabiri yafashwe inyuma yuko Reta ya Kenya itangaje mu ndwi iheze ko itacemera ububasha bw’iyo sentare.

Kenya yararonse igice gitoyi c’urubibe rwo mu mazi ihuriyeko n’igihugu ca Somaliya. Yamara sentare yatangaje ko ico gihugu kitashoboye kwerekana ko hari urubibe rwo mu mazi rugarara rwashizweho hagati y’izo mpande zibiri. Ivyo vyari guha Kenya igice kinini c’akarere k’urubibe karimwo amatati.

Naho prezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, avuga ko ingingo yafashwe na sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane izotuma imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Somaliya itosekara, amenyesha ko bazorondera gutorera inyishu ico kibazo biciye mu biganiro. Amenyesha ko bazobicisha mu nzego z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika umuntu aretse amasezerano asanzwe ari hagati y’ivyo bihugu vyompi. Kenyatta avuga ko azokora ibishoboka vyose kugira yubahirize imbibe z’igihugu ciwe.

Amiral Abdi Hamiid Mohamed Ahmed, umutegetsi mukuru ayoboye inteko zirwanira mu mazi za Somaliya, yatangaje ko biteguriye gukingira imbibe z’igihugu cabo zo mu mazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG