Uko wahagera

Kenya: Perezida Uhuru Kenyatta Yemeje Martha Koome Kuba Umucamanza Mukuru


Martha Koome
Martha Koome

Martha Koome yemejwe mu amasaha makeyi inyuma yuko inama nshingamateka yemeje igenwa ryiwe mu mabanga y'umucamanza mukuru w'igihugu.

Koome yanditse amateka mu kuba umucamanza mukuru w’igihugu wa mbere w’umupfasoni. Abaye kandi umucamanza mukuru agira gatatu mu gihugu kuva ibwirizwa shingiro rishasha rigiye mu ngiro kw’italiki 27 y’ukwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2010.

Martha Koome yaraserukiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi, yongera arafasha mu gutunganya urwandiko ku burenganzira bw’abapfasoni rwashizwe mw’ibwirizwa nshingiro.

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, azomurahiza mu mabanga yiwe y’umucamanza mukuru w’igihugu mu misi iri imbere.

Martha Koome, amaze imyaka 33 amenyereye ivyerekeye amategeko, yamenyekanye mu kwunganira abanyapolitike bari batawe mu mvuto nka Raila Odinga yigeze kuba umushikiranganji wa mbere igihe yiyamiriza ikandamizwa ry’abanyagihugu ryabaye ku ntwaro ya Prezida Daniel Arap Moi mu myaka y’i 1980 n’i 1990. Yaragize uruhara rukomeye mu rugamba rw’ukwikura intwaro y’agahotoro ya Prezida Moi.

Martha Koome, afise imyaka 61 muri iki gihe, ari mu bashizeho urunani rw’amashirahamwe y’abapfasoni banonosoye amategeko muri Kenya ruvugira uburenganzira bw’abapfasoni, rukongera rugafasha abapfasoni batishoboye mu kubaha impanuro mu bijanye n’amategeko.

Urwo runani kandi rwaragize intererano mw’intunganywa ry’ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’i 2010.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG