Uko wahagera

Kenya mu Ruhigi rw'Abakekwako Iterabwoba Batorotse Agasho


Abantu batatu bagirizwa iterabwoba batorotse ibohero mu gihugu ca Kenya uno musi ku wa mbere. Vyabaye mu masaha ya kare uno musi ku wa mbere mw’ibohero ricunzwe cane riri ku murwa mukuru, Nairobi, nkuko bitangazwa n’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha mu gihugu.

Ivyo biro vyabwiye abanyagihugu kuba magabo inyuma yuko abo bantu 3 batorotse iryo bohero igihe c’isaha indwi zo mu gicugu zo mu masaha yaho.

Umwe mu batorotse iryo bohero, Mohamed Ali abikar, yari yahagaritswe bifatiye ku gitero cakozwe mu mwaka w’i 2015 kuri kaminuza yo mu gisagara ca Garissa cahitanye abantu 148, benshi muri bo abanyeshule.

Igipolisi cemeye gutanga impera y’imiliyoni 60 y’amashilingi, ni ukuvuga ibihumbi 536 y’amadolari y’abanyamerika, ku wuzotanga amakuru ashobora gufasha gusubira gufata abo bantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG