Uko wahagera

Kenya Iriteguriye Kwugurura Imipaka Ihana na Somaliya


Kenya itangaza ko yiteguriye kwongera kwugurura imipaka ihana na Somaliya. Iyugarwa ry’iyo mipaka kubera ikiza ca Virusi ya Corona ryari rimaze amezi abiri ryagize ingaruka mbi zitari nke hagati y’ivyo bihugu na cane cane mu vy’urudandazwa.

Ino ngingo ya Kenya bitaramenyekana ryari izoshirwa mu ngiro yega kandi iyugururwa ry’umupaka w’ahitwa Kiunga wari wugawe mu kwezi kwa gatandatu k’umwaka uheze. Ni umupaka ico gihugu cari carugaye kivuga ko ucamwo abagize imirwi y’iterabwoba bakunze kugaba ibitero muri ico gihugu.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, uwutwara akarere ka Lamu kabarizwamwo uwo mupaka yahumurije abo vyateye amakenga avuga ko hafashwe ingingo zizotuma abawambuka ari abaja gukora ubucuruzi gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG