Uko wahagera

Kenya: Gereza Yihariye y'Abakekwaho Iterabwoba


Reta ya Kenya ifise umugambi wo kwubaka ibohero rishasha rizoshirwamwo abagirizwa ibikorwa vy’iterabwoba hamwe n’ababishigikiye.

Nkuko bimenyeshwa na Perezida wa Kenya Uhuru Kenyata, kwubaka iryo bohero bitumbereye kuburizamwo ivyoyumviro vy’iterabwoba.

Perezida Kenyatta niwe yashikirje uwo mugambi igihe yari mu muhango wo guha impapuro z’umutsindo abantu barenga ibihumbi bibiri bari bahejeje inyigisho zo gucungera amabohero. Gusa, ntiyamenyesheje igihe n’aho iryo bohero rizokwubakirwa.

XS
SM
MD
LG