Abapolisi bagera kuri cumi muri Kenya bahitanywe na mine bikekwa ko yatezwe n’abarwanyi bo mu muhari w’iterabwobwa Al-shabab.
Polisi ya Kenya yemeje aya makuru yavuze ko umuduga wari urimwo abapolisi bariko bagenzura akerere ka Garissa kegeranye n’umupaka Kenya ihana na Somaliya waciye kuri iyo mine hama usambura umuduga barimwo.
Umukuru wa polisi ya Kenya, Hilary Mutyambai mw’itangazo yasohoye ntiyatomoye bangahe bahitanywe n’iyo mine. Gusa, umwe mu ba polisi itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ryirinze kuvuga imyidondoro yemeje ko n’imiburiburi cumi bahitanywe n’iyo mine.
Facebook Forum