Uko wahagera

Katedrale ya Notre Dame Izosanurwa na Reta canke na Vaticano?


Papa Fransisiko na Perezida Emmanuel Macron mu mubanano bagiriye i Vaticano mu kwezi kwa gatandatu 2018.
Papa Fransisiko na Perezida Emmanuel Macron mu mubanano bagiriye i Vaticano mu kwezi kwa gatandatu 2018.

Umwungere wa Ekleziya katolika Papa Fransisko kuri uno wa kabiri yahamagariye amakungu guterera kugira katedrale ya Notre Dame y’i Paris mu Bufaransa yaraye yadutsemwo umucanwa atawuramenya icawuteye isanurwe.

Muri telegramu Papa Francisko yarungikiye aricheveke mukuru w’i Paris, Michel Aupetit, yashimiye abajejwe kuzimya umuriro ku “butwari n’ubwira” berekanye mu gutabara yongera avuga ko yipfuza ko iyo katedrale isanurwa bidatevye.

Papa Francisko yijeje Abafaransa n’abakirisu kubaba hafi mu co yise ibihe vy’umubabaro barimwo. Yagize ati: “uwo mubabaro turawusangiye. Ni vyo uwo muriro warononye ikimenyesto gikomeye mu mateka ya Ekleziya ariko cari n’ikimenyetso gikomeye mu mateka y’igihugu c’Ubufaransa.”

Umushikiranganji ajejwe umuco n’akaranga i Vaticano, Gianfranco Ravasi, naho atatomoye ico Ekleziya izofasha mu gusanura iyo katedrale yavuze ko bazoterera na cane cane mu gusubiriza bimwe mu bikoresho bigizwe n’amashusho vyononekaye bifashishije amazu ndangamurage ya Ekleziya Katolika.

Ravasi yavuze ko ahanini Katedrale ya Notre Dame ari Reta izoyisanura kuko amafaranga yinjiza biciye muri ba mukera rugendo aja mu kigega ca Reta. Bitegekanijwe ko Papa Francisko na Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron bagirana ikiganiro kuri terefone ku muhingamo w’uno wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG