Uko wahagera

Kate Sabrina Ishimwe Umunyeshuli w’Agahebuzo mu Burundi


Kate Sabrina Ishimwe
Kate Sabrina Ishimwe

Ku wa kane w’indwi iheze, igihe ubushikirangazi bujejwe indero bwatangazaga abarangije umwaka wa 9 n’amanota bagize mu ihiganwa ry’amashule-shingiro yo mu Burundi, Umwigeme Kate Sabrina Ishimwe wiga mu ishule ryitirwe Umutima Mweranda, yarimo atemberea mu mujyi wa Bujumbura.

Nk’abandi bana bose, yari ategereje kumenya amanota yagize. Igihe yabonnye ubutumwa bugufi kuri telefone ngendanwa bumubwira ko yagize 191/200, ngo byaramunejereje.

Aganira n’Ijwi ry’Amerika, yagize ati “Nari nzi ko nzatsinda ariko mugabo sinari nzi ko nzatisinda mfite amanota meshi kuriya”.

Yavuze ko akunda ibiharuro cane, maze umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Venuste Nshimiyimana ahita amubaza guteranya mu mutwe, maze Kate Sabrina aca amuha inyishu mu isegonda rimwe.

Yongeyeho ko gustsinda biva mu kwiga cane. Umwigeme Kate Sabrina Ishimwe , ufite imyaka 15 avuga ko abavyeyi be bamuhatira kwiga cane, kandi ko adakunda gusamara.

Mu kiganiro cye yavuze ko azajya mu gisata cya Scientifique, kandi akazokwigana n’umwete mwinshi kugirango azajye no muri Kaminuza imubereye.

Yifurije urubyiruko rw’Uburundi gutera imbere, kandiko byose bituruka ku kwiga neza.

Umwigeme Kate Sabrina Ishimwe atuye muri Mutanga-Nord mu mujyi wa Bujumbura.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:41 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG